Uko wahagera

Amerika Yongeye Somaliya Imfashanyo ya Gisirikare


Prezida wa Somaliya
Prezida wa Somaliya

Reta zunze ubumwe za Amerika ziriko zirongereza imfashanyo za gisirikare zari zisanzwe ziha igihugu ca Somaliya, mu gihe inteko z'ico gihugu ziriko ziragira intambwe ziboneka mu rugamba rw'ukurwanya umurwi al Shabab.

Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje ko amatoni 61 y’ibirwanisho n’amasasi vyashitse ku musi wa kabiri ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho. Ni mu ntumbero yo gushigikira inteko za Somaliya mu bitero zikora ku ntagondwa z’abayislamu. Iyo mfashanyo izatuma izo nteko zisubira kwigarurira ibice bitari bike abarwanyi ba al-Shabab bari barafashe mu kwezi kw’umunani kw’umwaka urangiye w’i 2022.

Mw’itangazo ritandukanye Reta z’unze ubumwe za Amerika yashikirije hamwe n’ibihugu bikorana cane mu vyerekeye umutekano, birimwo Katari, Turkiya, Emira zunze ubumwe z’Abarabu n’Ubwongereza, zamenyesheje ko zizoshigikira utwigoro twa Somaliya two gukoresha neza ibirwanisho n’amasasi Somaliya kizoba cahawe. Ivyo bizotuma urwego rw’ishirahamwe ONU, rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rukuraho ibihano rwafatiye Somaliya ku bijanye n’ibirwanisho.

Hussein Sheikh-Ali, umuhanuzi wa reta ku bibazo bijanye n’umutekano w’igihugu, yatangaje ko inama yagiranye n’abategetsis ba Amerika i Washington yabaye ngirakamaro bikomeye.

Reta ya Prezida Hassan Sheikh Mohamud yaratangaje mu mwaka uheze ko igiye kugwanya biboneka intagondwa za Al-Shabab ibihumbi n’ibihumbi zimaze imyaka irenga 10 zigenzura ibice bitari bike vy’igihugu, kandi zikora ibitero vyiha inkumbi. Izo ntagondwa zivuga ko zishaka gushinga reta igendera ku mategeko ya kiyislamu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG