Uko wahagera

Somaliya: Inama Nshingamateka Yemeje Itegeko ryo Kurwanya Iterabwoba


Abashingamateka ba Somaliya batora itegeko i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 12/04/2021
Abashingamateka ba Somaliya batora itegeko i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 12/04/2021

Inama nshingamateka ya Somaliya kuri uyu wa gatatu yatoye yongera iremeza integuro y’itegeko rishasha ryo kurwanya iterabwoba. Iryo tegeko ritumbereye guha ibigo vya reta bijejwe umutekano umurongo muvy’amategeko kugira bibashe kurwanya no kurandura iterabwoba muri Somaliya.

Abashingamateka baryemeje ku majwi 133 kuri batatu bataryemeje, hamwe na ndwi batashimye kwerekana aho bahagaze. Umuyobozi w’ikigo kijejwe iperereza, Mahad Mohamed Salad, yavuze ko iri itegeko rigiye kuzotuma ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika gitekanirwa.

Umushingamateka yashigikiye iryo tora, Abdiladif Sanyare, yavuze ko iryo tegeko rigiye kuzokingira abagore n’abana ibikorwa vy’iterabwoba.

Ariko abarinegura bafise amakenga ko rishobora kuzokwihisha inyuma y’iterabwoba mu guha ibigo vya reta bijejwe umutekano inguvu zirenze urugero zizotuma bihitanisha n’abatari mw’iterabwoba.

Inama nshingamateka ya Somaliya yemeje iryo tegeko mu gihe muri iki gihe ico gihugu gihanganye bikomeye na al-Shabab ku rubuga rw’intambara.

Mu gihe ryokwemezwa n’abasenateri hamwe na Prezida, Hassan Sheikh Mohamud, akarisinya, ryoba ribaye itegeko rigira kabiri rizoba ryemejwe mu kiringo c’amezi atari make. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG