Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yafatiye ibihano abategetsi hamwe n’amakompanyi yo muri Irani. Bagirizwa guhungabanya bikomeye agateka ka muntu mu gihe c’imyiyerekano yahitiye muri ico gihugu mu mwaka uheze.
Ubushikiranganji bwa Amerika bw’ikigega bwavuze ko bwafatiye ibihano abategetsi babiri barongoye amabohero muri Irani kubwo guhohotera abakenyezi n’abakobwa.
Uwundi yafatiwe ibihano ni umusirikare mukuru w’ipete rya komanda, yagize uruhara mu guhagarika interineti mu bihe vy’imyiyerekano. Eka n’amakompanyi atatu yo muri Irani n’abayarongoye, bagirijwe kworohereza abajejwe umutekano gucinyiza abanyagihugu.
Bibaye ibihano vyo ku ncuro y’icumi Amerika ifashe kuva hatangura imyiyerekano muri Irani, inyuma y’iyicwa ry’umwigeme, Mahsa Amini. Yapfiriye mu minwe y’igiporisi cari camufunze kimwagiriza kutubahiriza imico y’igihugu mu bijanye n’inyambaro.
Ibi bihano bibafatira amatungo bafitiye muri Amerika kandi bibuza abanyamerika gukorana urudandaza na bo. (Reuters)
Facebook Forum