Uko wahagera

Irani Yirukanye Abadipolomate Babiri b'Ubudagi


Ibendera ya Irani kuri ambasade ya Irani mu Budagi i Berlin
Ibendera ya Irani kuri ambasade ya Irani mu Budagi i Berlin

Irani yavuze ko abadiporomate babiri b’Abadagi batagikenewe mu gihugu kandi itegeka bo bakivamwo bidatevye. Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Irani bw’imigenderanire n’amakungu, Nasser Kanaani yavuze kuri uyu wa gatatu ko birukanywe kuko bivanze muvy’ubutungane bwa Irani no mw’itunganywa ry’igihugu bitabaraba.

Ubudagi bwaneguye iyo ngingo bwise ko idasiguritse. Ubushikiranganji bwabwo bw’imigenderanire bwavuze ko ata kibi abo benegihugu babwo bakoze muri Irani.

Iyi ngingo ya Irani ifashwe haheze indwi reta y’Ubudagi nayo ifashe iyisa n’iyo nyene. Abakozi babiri ba ambasade ya Irani i Berlin barirukanywe bahorwa ingingo yafashwe na sentare y’igihano co gupfa ku mudagi afise amamuko muri Irani, Jamshid Sharmahd.

Uwo mugabo w’imyaka 67 afise kandi uburenganzira bwo kuba muri Amerika, yagirijwe icaha ca ruswa muri Irani. Yagirijwe kandi kuba mu muhari uharanira ko hagarukanwa intwaro ya cami muri Irani. Uwo muhari wegekwako ubwicanyi bwo mu 2008 hakoreshejwe ibombe.

Irani ifunze hafi abantu 16 bamuka mu bihugu vyo mu burengero bw’isi, benshi bafise ubwenegihugu bubiri. (Reuters, AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG