Uko wahagera

EU Yahanye Abategetsi b'Abatalibani, Irani, n'Uburusiya Kubwo Guhungabanya Agateka k'Abakenyezi


Ishirahamwe rya Buraya ryafatiye ibihano abantu icenda, bagizwe n’abategetsi babiri ba reta y’Abatalibani hamwe n’abo mu gisirikare n’igiporisi c’Uburusiya. Ibihugu 27 vya Buraya bibagiriza kugira uruhara mu guhungabanya agateka ka muntu no guhohotera abakenyezi gufatiye ku gitsina.

Ivyo bihano vyo kuri uyu wa kabiri bifashwe imbere y’ihimbazwa ry’umusi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi uhimbazwa kw’itariki ya 8 y’ukwa gatatu.

Umukuru ajejwe ivy’imigenderanire mw’ishirahamwe rya Buraya, Josep Borrell, avuga ko bariko barakomeza utwigoro two kurwanya ihohotera rishingiye ku gitsina, kugira ngo abo vyagira babihanirwe. Avuga kandi ko bariko bararwanya ingeso yo kudahana.

Abari ku rutonde rw’ivyo bihano bazofatirwa amatungo bafitiye kuri uyo mugabane no kubuzwa kugirayo ingendo. Ibihano nk’ibi vyafatiwe ibohero ryo muri Irani, igisirikare ca Siriya hamwe n’ica Myanmar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG