Uko wahagera

Zambiya Yataye muri Yompi Abarundi 29


Ikarata y'ahaherereye Zambiya
Ikarata y'ahaherereye Zambiya

Abarundi 29 bafatiwe muri Zambiya. Igipolisi c'ico gihugu catangaje ko abo Barundi bari binjiye mu buryo bunyuranye n’amategeko kandi ko bariko baja mu bihugu vya Afrika y’epfo na Zimbabwe.

Igipolisi ca Zambiya cabwiye ibinyamakuru bikorera muri ico gihugu ko umukwabu wo kurondera abatagira ivya ngombwa wakozwe n’igipolisi gifadikanije n’abacungera imbibe ari wo watumye Abarundi 29 batabwa muri yombi.

Igipolisi kivuga ko binjiye muri ico gihugu mu kwezi guheze kwa mbere maze binyegeza mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Muri uko kwezi nyene kwa mbere, igipolisi c’Ubuganda cavuze ko cahagaritse Abarundi barenga 20 bari bahaciye bagiye mu bihugu vy’Abarabu.

Ishirahamwe « ONLCT Où est Ton Frère » rirwanya urudandazwa rw’abantu mu Burundi rivuga ko abantu barenga 50 bafatiwe mu bihugu bitari kure y’Uburundi ari benshi.

Mu matohoza yaryo, rirerekana imvo nkuru nkuru ziriko ziratuma Abarundi baguma bahurumbira ibindi bihugu kuronderayo ubuzima bwiza. Fyonda hasi wumve izo mvo mu nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Zambiya Yataye muri Yompi Abarundi 29
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG