Uko wahagera

Bamwe mu Barundi Bahungiye Uganda Bipfuza Gutahuka


Impunzi yo mw'ikambi ya Nakivale iriko igosora ibiharage
Impunzi yo mw'ikambi ya Nakivale iriko igosora ibiharage

Impunzi z'abarundi zirenga 100 ziri mw’ikambi ya Nakivale muri Uganda zandikiye urwandiko umukuru w’igihugu c’Uburundi zimusaba ko yozifasha zigatahuka mu gihugu c’amavukiro.

Bamwe muri abo babwiye Ijwi ry'Amerika ko baserukiye abandi benshi bafise ico cifuzo. Abanditse iryo kete bandikiye kandi umukuru w’igihugu c’Ubuganda n’uwutwara ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi, HCR.

Nzisabira Desire, umwe mu bagiye ahabona mu guhimiriza abandi kugira biyandikishe mu batahuka, avuga ko abavyifuza barenga incuro zitatu abashoboye kwiyandikisha.

Abenshi muri abo haraheze umwaka biyandikishije ku rutonde rwamanitswe na HCR mw’ikambi ya Nakivale kugira batahukanywe. Igice c’abo kigizwe n’abarenga 200 baratahanywe mu mpera z’umwaka uheze. Abasigaye bemeza ko babayeho mu buzima butoroshe kuko bari baramaze kugurisha utwabo twose.

N’aho biri uko hari abandi babana mw’ikambi ya Nakivale babona ko hataragera ko batahuka kuko ico bahunze kitarahera. Abo bagiriza abashize ahabona urwo rwandiko ko batumwe na reta y’Uburundi gucanishamwo impunzi. Yamara, abateye akamo Perezida w’Uburundi, bobo bavyamirira kure.

Ku ruhande rw'Uburundi, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, bwitaho ikibazo c’impunzi, burabahumuriza ko icifuzo c’abo cumviswe. Ico bikoze, Nestor Bimenyimana, umuyobozi mukuru ajejwe gutahukana impunzi, kuri micro y’Ijwi rya Amerika, avuga ko hakiri intambamyi nyinshi harimwo n’ikiza c’umugera wa Korona.

N’ayo Ishirahamwe HCR ryemeza ko ryama ryiteguriye gutahukana impunzi yose ivyisabiye. Dana Hughes, umuvugizi wa HCR mu karere k’ibiyaga binini, Afrika y’ubuseruko n’ihembe rya Afrika yabwiye Ijwi rya Amerika ko ugutaha ari uburenganzira bw’impunzi iyo ariyo yose, ariko ko umwe wese avyisabira ku gatwe kiwe ata gahato, kandi agasigura n’impamvu ibimutumye.

HCR ryemeza ko ikibazo c’umugera wa Korona cateye kw’isi ari co catumye umugambi wo kubatahukana uhura n’inzitizi. Ikindi na co HCR ryatangarije Ijwi rya Amerika ko uburyo bwahora bugenewe impunzi bwagabanutse kubera ico kiza.

Rihanura uwushaka gutaha wese avuye i Nakivale yaba Umurundi, Umunyekongo, Umusomali canke uwuturuka ahandi ko yobisaba ku gatwe kiwe, aho kwandikira hamwe amakete canke intonde.

HCR ryerekana ko mu Buganda hakiriyo impunzi z’Abarundi zirenga gato ibihumbi 50. N’ayo impunzi z’Abarundi muri rusangi HCR rivuga ko ubu barenga gato ibihumbi 271. Abenshi bari mu makambi y’impunzi mu Rwanda, muri Tanzaniya, mu Buganda, muri Kongo no muri Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG