Uko wahagera

Uganda Ifunze Abarundi 24 Bari Bagiye Gucuruzwa


Nabakka Claire, icegera c'umuvugizi wa polisi ya Uganda
Nabakka Claire, icegera c'umuvugizi wa polisi ya Uganda

Polisi ya Uganda yatangaje ko hari Abarundi 24 yafunze kuva mu ntango za kuno kwezi kwa mbere. Bafatanywe n’abaganda babiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ico gipolisi cemeza ko bari baroye kubagurisha.

Igipolisi ca Uganda cemeza ko abo barundi bafunzwe, bagizwe n’abagabo 23 n’umukenyezi umwe, bahagaritswe kw’itariki ya kabiri uku kwezi kwa mbere umwaka w’2023.

Itangazo ry’igipolisi ca Uganda, ryanashizwe ku rubuga rwa Twitter, risigura ko abo bapfungiwe mu gisagara ca Kayabwe, mu karere ka Mpigi, mu bumanuko bushira ubuseruko bw' igihugu.

Iryo tangazo rigira riti:" Bari mu modokari imwe yari yabanje guhagarikwa n' abapolisi bajejwe uruja n’uruza mw' ibarabara ku kirindiro co gusuzuma ca Katonga muri Kayabwe, mu karere ka Mpigi, inyuma yo kubona ko iyo modokari yarengeje abo itwara, ni ho mu nyuma bahava bamenya ko bari Abarundi bagiye kugurishwa muri Uganda."

Iryo tangazo ritomora ko Abaganda babiri, umudereva w' iyo modokari hamwe n'umukomvuwayeri na bo nyene bapfunzwe. Bagirizwa urudandazwa rw' abantu. Rigira riti:" Abo Barundi ubu bapfungiwe ku kirindiro gikuru c' igipolisi ca Mpigi muri iki gihe tubandanya amatohoza. Na yo umushoferi n'uwo bafashanya bagirizwa urucuruzwa rw' abantu rudaciye mu mategeko."

Ryongerako ko mu buhamya bwabo, abo bari bagiye kudandazwa biyemereye ko bari bavuye mu ntara zitandukanye z’Uburundi bizezwa ubuzi bwiza. Mugabo icegera c’umuvugizi w’igipolisi ca Uganda, yemeza ko akenshi abantu nkabo bisanga baroye gukoreshwa ibikorwa vy’ubucakara birimwo “ ugucuruza umubiri ku gahato”.

Ku bw' amakuru atangwa n'igipolisi ku rubibe rwa Mutukula Uganda ihana na Tanzaniya, abo Barundi bapfunzwe boba bururutse imodokari bariko bagenderamwo mu gihe bari ku birometero bitatu vy'urubibe kugira ngo ntibamenyekane baca bankirwa kwinjira muri Uganda.

Baciye bagenda n' amaguru, inyuma y' ukumvikana n' ababafasha bo muri ico gihugu babinjiza baciye mu binywabi. Ibi icegera c’umuvugizi w’igipolisi ca Uganda aravyemanga agashimira abapolisi bagenzi be n’abanyagihugu batanze amakuru ku gihe.

Ku ruhande rw’Uburundi aho abafunzwe bamuka, umuvugizi w’igipolisi, Desire Nduwimana yabwiye Ijwi ry'Amerika ko bataramenyeshwa amakuru y’abo Barundi bafatiwe mu Buganda. Ariko umukuru w’isihirahamwe ONLCT ou est ton Frere rigwanya urucuruzwa rw’abantu yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yibaza ko bari baroye kugurishwa mu bihugu vy’Abarabu. Maitre Prime Mbarubukeye abivuga afatiye ku vyabaye muri kahise yatohojeko.

Mbarubukeye atwara ONLCT ou est ton Frere ahanura Abarundi bashaka kuja gukora mu mahanga guca mu mashirahamwe azwi n’inzego z’igihugu. Florence Bovin, umukuru w’ishirahamwe Justice et Equite rigwanya urudandazwa rw’abantu mu biyaga binini amenyesha ko urwaruka muri kino gihe ari rwo rubangamiwe kurusha. Yongerako ko abaja kugurishwa mu bihugu vy’Abarabu cane cane baturutse muri ako karere ka Afurika bakorerwa amabi menshi nta ngere.

Si irya mbere, igihugu ca Uganda gifata abantu bagirizwa urucuruzwa rw’Abarundi. Mu mwaka wa 2021, cataye muri yompi abagabo batanu bari baherekeje imiyabaga 28 y’Abarundikazi bari bajanywe ahantu hatazwi.

Ibitigiri bitangwa n’ishirahamwe OIM ryitaho abimukira kw’isi, vyerekana ko hagati ya 2017 na 2022, Abarundi bagera kuri 1735 bajanywe kugurishwa nk’inyagano mu bihugu bitandukanye cane cane mu kigobe c’Abarabu.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika i Nairobi muri Kenya.

Mu bo Uganda Yataye muri Yompi Harimwo Umugore 1
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:05 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG