Uko wahagera

Abarundi 265 mu Bari Bahungiye muri Uganda Bahungutse


Imodoka yatahukanye abarundi ba mbere bahungutse bava mw'ikambi ya Nakivale iri muri Uganda
Imodoka yatahukanye abarundi ba mbere bahungutse bava mw'ikambi ya Nakivale iri muri Uganda

Abarundi 265 baturuka mu miryago 85 ni bo mpunzi za mbere zatahutse mu Burundi zivuye mu gihugu ca Uganda mw’ikambi ya Nakivale. Izo mpunzi zimenyesha ko zari zarambiwe n’ubuzima bubi zari zibayemwo muri iyo kambi.

Abo Barundi bahungutse bavuye mw’ikambi ya Nakivale aho bari bahungiye kuva mu mwaka 2015. Kuri uno wa kabiri ku mugoroba w’ijoro niho bashika mu Burundi. Baje n’imodokari baciye mu gihugu ca Tanzaniya binjirira ku mupaka Uburundi buhana na Tanzaniya i Kobero.

Kuri uwo mugoroba nyene baciye bashikanwa mw’ikambi y’imfatakibanza ya Kinazi muri Komine Muyinga. Aho i Kinazi uwuhamara umwanya munini ni amasaha 72 imbere yuko basubira mu zabo.

Abo bahungutse bamenyesha ko muri rusangi bari babayeho mu buzima bubi ari naco ahanini kibatuma bataha. Bamenyesha ko bakiriwe neza kandi ko biteguye gufashanya n’abandi kwubaka igihugu cabibarutse.

Nestor Bimenyimana umuyobozi mukuru ajejwe gutahukana impunzi no kubashikana mu vyabo arashimira igihugu ca Uganda cahaye indaro abo Barundi. Amenyesha ko ico gikorwa catanguye muri Uganda co gutahukana abahunze bazoza baragifashanyamwo n'abo bamaze gutaha.

Ico gikorwa cogufasha abahunguka reta irakibandanya niyo baba bashitse mu mihana iwabo kuko ababanyi bonyene batocishoboza nkuko bivurwa na Bimenyimana Nestor. Uwo muyobozi mukuru aratubwira uko bitunganywa.

Bimenyimana Nestor yamenyesheje ko igihugu ca Uganda kirimwo Abarundi bahunze barenga gato 30000. Yamenyesheje ko buri wa kabiri bitegekanijwe ko bazohora babakira abo bahunguka bava mu Bugande ngo kuko abashaka gutaha kandi babisavye ari benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG