Uko wahagera

Ubwoba Ni Bwinshi Mu Gihe Amatora Yimirije Muri Nijeriya


Amatora arimirije muri Nijeriya
Amatora arimirije muri Nijeriya

Abaharanira agateka ka muntu muri Nijeria bavuga ko muri iki gihe hariho ubwoba n’icuka kibi c’uruhagarara rushobora kwaduka mu matora yimirije muri uku kwezi.

Ku murwa mukuru wa reta ya Imo, I Owerri ahakunze kwibonekeza imigwi y’abagira ibitero ku nzego zijejwe umutekano w’amatora, umwe mu baharanira agateka ka muntu yabwiye ishirahamwe ry'Abanyamerika Human Rights Watch ko abantu bafise ishaka ryo kugira uruhara mu bikorwa vya politike mu gihugu ariko kandi ati “umutekano muke no kuba atakiriko kirakorwa mu kuwugarura n’intambamyi ikomeye ihari”

Human Rights Watch naryo rivuga ko “hariho icuka kibi c’ubwicanyi” bushobora kuva mu matora muri uku kwezi.

Anietie Ewang umushakashatsi w’iryo shirahamwe muri Nijeriya avuga ko ubwicanyi “bunyaga abanyagihugu uburenganzira bwo gutora”. Ahamagarira inzego z’umutekano gutunganya ibintu kugira abantu batore mu mutekano.

Abanyenijeriya biteguriye kwitabira amatora y’umukuru w’igihugu n’abandi banyepolitike kw’itariki 25 z’uku kwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG