Uko wahagera

Nijeriya: Abajejwe Umutekano Baracarondera Abanyeshure Banyurujwe


Ikarata ya Nijeriya
Ikarata ya Nijeriya

Abategetsi ba Nijeriya bavuga ko umurwi w’abarondera ukibandanya ibikorwa, mu gihe abantu bitwaje ibirwanisho bagifise bane mu banyeshure batandatu banyuruje bakuwe kw’ishure ku musi wa gatanu. Ni kimwe mu bikorwa vy’ubugizi bwa nabi biherutse muri Nijeriya mu ndwi iheze. Ibi biba mu gihe igihugu kiri mu myiteguro y’amatora yo mu kwezi kuza.

Komiseri w’igiporisi muri reta ya Nassarawa vyabereyemwo, Maiyaki Mohammed Baba, yavuze abasirikare, abaporisi, abanyagihugu birwanako hamwe n’abanyagihugu bariko barakorera hamwe barondera abo banyeshure basigaye.

Abagabo bitwaje ibirwanisho, ku musi wa gatanu barateye ishure ry’intango ry’i Alwaza, muri distrikte ya Doma abanyeshure bagishika kw’ishure. Banyuruje batandatu muri bo.

Abajejwe umutekano ku musi wa gatandatu baragaruye abana b’abakobwa babiri bari baranyurujwe babahuza n’imiryango yabo.

Amashure akunze guterwa muri Nijeriya hatumberewe kunyuruza abana kugira imiryango yabo isabwe amafaranga imbere yo kubarekura.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya ko kuva mu 2020 abanyeshure barenga 1.500 bamaze kunyuruzwa, abenshi mu buraruko bwa Nijeriya. Benshi barekuwe biciye mu biganiro ariko abandi baracagizwe imbohe.

(VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG