Uko wahagera

Abitwaje Ibigwanisho Banyuruje Abantu 32 mu Bumanuko bwa Nijeriya


Abasirikare ba Nijeriya bashakisha abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho
Abasirikare ba Nijeriya bashakisha abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho

Abakoze iryo bara bari bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa AK-47, bakoreye ico gitero mu reta iri mu bumunuko yitwa Edo, nk’uko amakuru yatangajwe n’ibiro vya Bulamatari, abivuga.

Abapolisi batangaje ko hari abantu barashwe igihe ico gitero caba. Abategetsi b’iyo reta bavuze kandi ko umwe muri abo bantu 32 banyurujwe, yashoboye kwigobotora abo bagizi ba nabi.

Ico gitero kibaye inyuma y’ibindi vyinshi bimaze imisi bibera mu bice bitandukanye vya Nijeriya. Umutekano muke urangwa muri ico gihugu ushobora kubangamira amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa kabiri.

Muri iki gihe, igikorwa co kurondera abo bantu banyurujwe, kirabandanya nk’uko abajewe umutekano babitangaje.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG