Uko wahagera

Ibitaro vyo mu Ntara ya Tigreya muri Etiyopiya Bihanganye n'Ibibazo vyo Kuvura Abarwayi.


Bamwe mu barwayi bo muri Tigreya
Bamwe mu barwayi bo muri Tigreya

Ishirahamwe rijejwe gutabara, "Croix Rouge"ryatangaje ko ibitaro vyo mu ntara ya Tigreya muri Etiyopiya bihanganye n'ibibazo vyo kuvura abarwayi.

Umutekano wiyongeye mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya kuva habaye amasezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Reta ya Etiyopiya n’umuhari TPLF wo muri Tigreya.

Ivyo vyaratumye imfashanyo ishikira ibice abayitanga batashobora gushikamwo imbere y’aho. Yamara imfashanyo zigenewe gutabara abanyagihugu ziracakenewe vyihutirwa.

Ingwano hagati ya Reta ya Etiyopiya n’umuhari TPLF yatanguye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’i 2020, yarahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, ituma abandi ibihumbi amajana n’amajana bageramirwa n’inzara, abandi imiliyoni n’imiliyoni barava mu ngo zabo.

Reta ya Etiyopiya n’inteko zo muri Tigreya vyumvikanye guhagarika ingwano mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’umwaka urangiye w’i 2022. Vyatumye iyindi mfashanyo ishobora gushikira intara ya Tigreya, ibintu ngenderwako abanyagihugu bakeneye birasubizwaho.

Yamara isenyurwa ry’ibitaro n’isahurwa rya za rusehabaniha mu gihe c’ingwano vyatumye uburyo bwo kuvura abanyagihugu bubura. Ibitaro vyo mu bibanza biherereye ahabereye ingwano, vyuzuyeko ibinogo vy’insoro, kandi nta bikoresho bifise.

Jude Fuhnwi, umuvugizi w’ishirahamwe, “Croix Rouge” muri Etiyopiya, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko ibikenewe muri Tigreya no mu bindi bice vy’igihugu ari vyinshi cane ku buryo abakozi bajejwe gutanga imfashanyo badafise uburyo buhagije bwo kwishura mu bice vyose. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG