Uko wahagera

Amerika Yemeza ko Ingabo za Eritreya Zikiri muri Etiyopiya


Ambasaderi wa ONU muri Kenya
Ambasaderi wa ONU muri Kenya

Ambasaderi w’Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, yemeza ko hari ingabo za Eritreya zikiri muri Etiyopiya. Aya makuru aje abeshuza ayaheruka gutangazwa n’abategetsi ba Etiyopiya, bavuga ko abasirikare bose ba Eritreya bavuye ku butaka bwa Tigreya.

Ambasaderi w’Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, mu kiganiro yakoranye n’abamenyeshamakuru mu rugendo arimwo muri Kenya, nta vyinshi yavuze ku vyemezo vy’uko ingabo za Eritreya zikiri muri Etiyopiya. Yagize ati: “ Naho bari bategetswe kuvayo, baracariyo.”

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru ryasavye umushikiranganji wo gutanga amakuru muri Eritreya, Yemane Gebremeskel, gutanga umuco ariko yirinda kugira ico avuze. Umuvugizi wa Reta ya Etiyopiya, umuvugizi w’igisirikare ca Etiyopiya, umuhanuzi mu vy’umutekano mu biro vy’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya nabo nyene banse kugira ico bavuga kuri ano makuru.

Hari ariko umusirikare afise ipete rya jenerari mu gisirikare ca Etiyopiya yahakaniye Reuters ano makuru agira ati: “ Mu ntara ya Tigreya, nta bandi basirikare bahari atari ingabo za Etiyopiya.” Umuvugizi w’ingabo za Tigreya we yamara yemeza ko afise ivyemezo vy’abasirikare ba Eritreya baharurwa mu bihumbi bakiri ku butaka bw’iyo ntara.

Ingabo za Eritreya zagiye muri Etiyopiya mu rwego rwo gufasha urugamba ico gihugu carimwo n’abitwaje ibirwanisho bo mu ntara ya Tigreya. Amasezerano y’amahoro yasinywe hagati y’abategetsi b’intara ya Tigreya n’aba Etiyopiya mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze yategeka ko abasirikare bose ba Eritreya babwirizwa gusubira iwabo.

Abasesanguzi bavuze ko ingabo za Eritreya zidakinjuye burundu ngo zisubire iwabo, bizodindiza amahoro muri Etiyopiya na Tigreya.

Intambara yo muri Tigreya yatanguye mu kwezi kwa cumi na rimwe ko mu 2020, imaze guhitana ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abantu, yangaza imiriyoni n’imiriyoni z’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG