Uko wahagera

Abasirikare Ibihumbi ba Somaliya Barungitswe mu Myimeyerezo mu Bihugu Bibanyi


Reta ya Somaliya imenyesha ko yarungitse abasirikare bayo bashasha ibihumbi n’ibihumbi mu bihugu bibanyi mu myimenyerezo ya gisirikare. Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu avuga ko ivyo ari mu ntumbero yo gukomeza igisirikare mu rugamba rwo gutuza umuhari wa al-Shabab.

Mu kiganiro Hussein Shei-Ali yagiranye n’ijwi rya Amerika kw’itariki ya 26 z’ukwezi kwa mbere, yavuze ko Somaliya yarungitse abasirikare ibihumbi bitatu muri Eritreya no muri Uganda. Avuga kandi ko abandi ibihumbi bitandatu bazorungikwa muri Etiyopiya no muri Misiri.

Aho yari Washington mu rugendo rwo gusaba imfashanyo Reta zunze ubumwe za Amerika, Ali yabwiye Ijwi rya Amerika ko Somaliya yipfuza gutegura abasirikare ibihumbi cumi na bitanu muri uno mwaka wa 2023.

Ivyo bivuzwe mu gihe ikigo c’ubushashatsi Heritage Institute for Politial Studies (HIPS) cari giheruka gushikiriza amakenga yuko reta ya somaliya ishobora kutazoshika ku mugambi wayo wo kuba yateguye abasirikare ibihumbi mirongo ibiri na bine mu kwezi kwa 12 kw’umwaka wa 2024. Ni mu gihe kandi inteko z’abanyafrika zijejwe umutekano zizoba ziteguye kuva muri ico gihugu. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG