Uko wahagera

Somaliya: Umugore w'Umuyobozi w'Intagondwa Yaciriwe Imyaka 8


Somaliya yaciriye umunyororo w’imyaka 8 umugore w’umuyobozi w’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu.

Sentare muri Somaliya yaciriye uwo mugore umunyororo w'imyaka 8, imwagiriza icaha co gutanga amakuru akongera akabafasha guhanahana amafaranga nk’uko bitangazwa n’umwe mu basirikare bakuru muri ico gihugu.

Fartun Abdirashid, umugore wa Abdiqadir Mumin, umuyobozi wa Daesh yaciriwe ico gihano kuri uno musi wa mbere na sentare ya gisirikare.

Yafashwe kuva mu kwezi kwa gatatu mu mwaka uheze, ku murwa mukuru i Mogadishu.

Umushikirizamanza wa reta avuga ko Abdirashid yagirijwe kuba yari akunze kuza ararungikira amadolari 100 canke 200 abanywanyi b'uwo mugwi.

Uwo mukenyezi yari afise imigenderanire na Bilal Al-Sudaani, umwe mu bakuru b’uwo mugwi, yishwe ku musi wa gatatu aho abasirikare ba Amerika bari mu bikorwa vya gisirikare mu karere ka Bari mu buraruko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG