Uko wahagera

Uburayi Bugiye Gufatira Irani Ibindi Bihano Bishasha


Amabendera y'ishirahamwe rya Buraya ku cicaro caryo i Buruseli mu Bubirigi
Amabendera y'ishirahamwe rya Buraya ku cicaro caryo i Buruseli mu Bubirigi

Abadipolomate babiri ba Buraya bavuze ko ishirahamwe rya Buraya ritegekanya ku musi wa mbere kwongera abanya-Irani 37 ku bihano vyafatiwe igihugu cabo. Iryo shirahamwe rivuga kandi ririko rirakora kugira rishire igisirikare ca Irani, Revolutionary Guards mu mirwi y’iterabwoba.

Imigenderanire hagati y’ibihugu vya Buraya na Irani yarunyutse, mu gihe utwigoro two gusubira mu masezerano ya nikereyeli twahagaze.

Irani yarapfunze abanyaburaya batari bake, kandi ishirahamwe rya Buraya rirushiriza kunegura ingendo ya Irani yo gukandamiza abakora imyiyerekano. Uburaya bwagiriza kandi Irani kurungika indege za drone mu Burusiya mu gufasha mu ntambara muri Ukraine.

Amakuru ava mu badipolomate ba Buraya avuga ko amazina mashasha y’abantu 37 azoshirwa ku rutonde rwirabura ku musi wa mbere ari ay’abahungabanije uburenganzira bwa muntu muri Irani. Ibi bihano birimwo kubabuza kugendera umugabane wa Buraya no gufata amatungo bahafitiye.

Irani nayo yagabishije kuri uyu wa kane ko ubumwe bwa Buraya busa n’ubugiye “kwirasa ubwabwo mu kirenge” mu gihe bwokwita igisirikare ca Irani umuhari w’iterabwoba. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG