Uko wahagera

Amerika Ihiga Kuburizamwo Ubucuti bwa Irani n'Uburusiya


Prezida w'Uburusiya kumwe na mugenzi wiwe wa Irani
Prezida w'Uburusiya kumwe na mugenzi wiwe wa Irani

Ubwongereza bwemeza ko Irani iri mu bihugu vya mbere vyashigikiye mu vya gisirikare Uburusiya kuva butangura gutera Ukraine.

Ubushikiranganji bwo kwivuna umwansi bw’Ubwongereza bwabitangaje uno munsi ku wa gatandatu, bugira buti: “Uburusiya burakeneye ibirwanisho birimwo za misile balistike. Birashoboka rero ko Irani iduza umuvuduko wo gushigikira Uburusiya”

John Kirby, avugira akanama k’igihugu kajejwe umutekano muri Amerika, nawe yavuze ko Amerika irajwe ishinga n’ugufashanya mu vya gisirikare hagati ya Irani n’Uburusiya. Yemeje ko Amerika izokora ibishoboka vyose ikaburizamwo ubucuti hagati y’ivyo bihugu.

Hagati aho, Prezida Joe Biden yaraye yemeje izindi miriyoni 275 z’amadorali agenewe gufasha Ukraine mu vya gisirikare. Kuva Uburusiya butangura gutera Ukraine, Amerika imaze gufashisha Ukraine amamiriyaridi arenga 19 mu madorali y'Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG