Uko wahagera

Irani: Bamwe mu Bakoze Imyiyerekano Batanguye Kunyongwa


Bamwe mu bakuze imyiyerekano yiyamiriza kunyonga abatandukanye muri Irani
Bamwe mu bakuze imyiyerekano yiyamiriza kunyonga abatandukanye muri Irani

Abaharanira agateka ka zina muntu muri Irani bagabisha ko abatari bake mu bakoze imyiyerekano ihitiye muri ico gihugu bashobora kwicwa banyonzwe.

Bagabishije inyuma y’uko ku wa kane ico gihugu kinyonze Mohsen Shekari w’imyaka 23. Uyu, yagirijwe ko yahohoteye umwe mu bajejwe gukingira umutekano.

Ubutungane bwa Irani abo bumaze kuvuga ko bazohanishwa ukunyongwa ni 11. Abaharanira agateka ka zina muntu bo yamara bemeza ko abashobora kuzohanishwa ico gihano barenga 20.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, ryemeje ko mu bashobora kunyongwa vuba, harimwo uwitwa Mahan Sadrat, afise imyaka 22. Uwu, yagirizwa kuba yafatanywe urubugita mu myiyerekano.

Imyiyerekano abo bashobora kunyongwa bazira, bayikoze inyuma y’urupfu rw’umuyabaga yitwa Mahsa Amini, yafunzwe yagirizwa kutitwikira neza nkuko idini rya isilamu ribitegeka mu gihugu ciwe. Abaryango n’incuti za Mahsa Amini bemeza ko yazize uguhohoterwa yakorewe n'igiporisi: Ivyo vyagiriji igiporisi ca Irani carushirije kuvyamirira kure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG