Uko wahagera

Amakungu Yiyamarije Inyonga ry'Umwe Mu Bari Mu Myiyerekano Muri Irani


Mohsen Shekari
Mohsen Shekari

Amakungu yiyamirije igihugu ca Irani inyuma y'uko kinyonze umuntu wa mbere bifatiye ku myiyerekano imaze hafi y'amezi atatu igeramiye reta y'ico gihugu.

Inyongwa ry'uwo muntu vyatumye haterwa akamo k'ukugira iyindi myiyerekano mu gihugu.

Mohsen Shekari yishwe anyonzwe ku musi wa kane inyuma y’uko yagiwe n’icaha co kuba yazibiye ibarabara ryo ku murwa mukuru, Teheran hamwe n’ukuba yakomerekeje umuntu akorana n’igisirikare kw’italiki 25 y’ukwezi kw’icenda.

Ni inyuma y’urubanza, amashirahamwe aharanaira agateka ka muntu avuga ko rwamaze igihe gitoyi cane.

Ubutungane bwatangaje ko Mohsen Shekari, afise qimyaka 23 muri iki gihe yahagaritswe inyuma y’uko akomerekeje n’umupanga umunywanyi w’umurwi Basij, ugizwe n’abantu baronkejwe imyimenyerezo ya gisirikare bakorana n’inteko zijejwe gukingira intwaro n’inzego za politike zo muri Irani. Yagizwe mu kwezi guheze n’icaha c’ukuba umwansi w’Imana. Igihano kuri ico caha akaba ari ukwicwa.

Iyicwa rya Mohsen Shekari ryariyamirijwe n’amakungu, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yagabishije ko abandi bantu bashobora kwicwa igihe icarico cose.

Ishirahamwe, Amnesty International ryatangaje ko ryaguye mu gahundwe mu kwumva amakuru yerekeye urupfu rwa Mohsen Shekari. Ryatangaje ko inyongwa ryiwe ryerekana ubunyamaswa bw’igisata c’ubutungane muri Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG