Uko wahagera

Irani Yanyoze Uwahoze ari Umutegetsi Wayo Afise Ubwenegihugu bwa UK


Ali Reza Akbari yanyoznwe na Irani.

Irani yanyonze Ali Reza Akbari yahoze ari icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi muri ico gihugu. Ali Reza Akbari ni umunya Irani yari afise ubwenegihugu bwo mu Bwongereza. Irani yamwagiriza ko asumira urusaku ico gihugu c’Ubwongereza.

Ikinyamakuru cegukira ubucamanza bwa Irani citwa Mizan catangaje ko Ali Reza Akbari yishwe anyonzwe. Nticigeze yamara gitomora ryari yanyonzwe.

Ali Reza Akbari yahagaritswe mu 2019 yagirizwa gukorera iperereza ry’Ubwongereza, ariko we akabihakana yivuye inyuma. Ubwongereza bwari bwasavye Irani kutamunyonga no kumurekura.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Rishi Sunak, yateye ivyatsi yivuye inyuma iyicwa rya Ali Reza Akbari aryita “Ubunyamaswa bwa reta itubahiriza agateka k’abanyagihugu bayo.”

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubwongereza n’ayandi makungu nawe nyene yunze mu rya mugenzi we Sunak, avuga ko vyanke bikunde Irani izokwishura “ku bunyamaswa bwayo”, kandi amakungu yari akwiye kuyihagurukira no kuyitera ivyatsi.

Ku ruhande rwa Amerika, imbere y’uko Ali Reza Akbari anyongwa, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire yavuze ko urubanza rwo kunyongwa Ali Reza Akbari yari yaraciriwe rwari urwa politike. Uwo mutegetsi yemeje ko Amerika ifise amakuru y’uko nyakwigendera yahohohotewe cane n’abamusaba kwemera ivyaha atakoze.

Mu ntango z’ino ndwi, ishami ry’igiperse kw’iradiyo y’abongereza, BBC, ryatangaje amajwi ya Akbari yivugira ubwiwe ko yahohotewe amasaha agera ku 3500, kandi ko yategetswe kwemera ivyaha atakoze. Urubanza rwa Akbari ntigwigeze rubera ku mugaragaro.

Amakungu amaze igihe agondoza Irani guhagarika igihano co kunyonga abagirizwa ivyaha bitandukanye. Ni mu gihe mu minsi ya vuba Irani imaze kunyonga abatari bake barimwo abakoze imyiyerekano yiyamiriza “iyicwa ry’umuyabaga yaguye mu minwe ya polisi imuziza kutitwikira nkuko idini rya Isilamu ribisaba muri ico gihugu.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG