Uko wahagera

Burundi: Katorika Ihanura Abategetsi Kubahiriza Agateka ka Zina Muntu


Prezida Neva n'umutambukanyi wiwe mu masengesho ya CNDD-FDD i Gitega
Prezida Neva n'umutambukanyi wiwe mu masengesho ya CNDD-FDD i Gitega

Musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Gitega ahamagarira indongozi z'Uburundi gushira imbere ukubahiriza agateka ka zina muntu. Nayo umugambwe uri ku butegetsi awusaba kwerekanira mu bikorwa Imana uvuga ko washize imbere aho kubivuga mu majambo gusa. Kuva kuri uyu wa kane, i Gitega hatanguye igikorane c'imisi itatu c’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.

Ico gikorane catunganijwe kuva mu gatondo ko kuri uno kane, catanguriye kuri paruwasi yitiriwe umweranda Fansisiko, iri ku murwa mukuru wa politike i Gitega. Abategetsi b'inzego z'igihugu uhereye kuri Prezida Ndayishimiye aherekejwe n'umukenyezi wiwe hamwe n'indongozi za CNDD-FDD, umugambwe uri ku butegetsi bari bitabiriye amasengesho atangura umwaka y'uwo mugambwe.

Mu nkuka ya misa yasomwe na musenyeri mukuru wa Gitega, Bonaventure Nahimana, yagarutse ku kubahiriza agateka ka kiremwa muntu bibwirizwa kuba inkingi y'intwaro rusangi nyakuri. Yahamagariye umugambwe uri ku butegetsi kugaragariza ukwemera Imana uvuga ko washize imbere mu bikorwa atari ku munwa gusa.

Musenyeri Mukuru wa Gitega Bonaventure Nahimana, ari mu nyigisho ku bategetsi bari i Gitega
Musenyeri Mukuru wa Gitega Bonaventure Nahimana, ari mu nyigisho ku bategetsi bari i Gitega

Mu bisanzwe umukuru w'igihugu mu makoraniro nk'aya yahora agira ico ashikirije mw'isengero. Ariko Ijwi ry'Amerika ryamenye ko haheze igihe i Vatikani ku cicaro c'umwungere mukuru wa Katolika bafashe ingingo ko ata bategetsi bazoja baratangira amashahuri mu ngoro z'Imana.

Ku muhingamo igikorane rusangi ku banywanyi ba CNDD-FDD n'abakunzi b'uwo mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi bahavuye baja kwiginana ku kibuga c'indege kiri hafi y'ikirimba ca Prezida. Abo ni abo mu madini yose, mbere n'abazirarumenyetso bifuza kwerekana ko bashigikiye uwo mugambwe ufise ivyusabwa mu gihugu. Kubwa Prezida Neva, indongozi zibwirizwa gushirwa imbere zitegerezwa gutorwa mu bantu batagira umwina n'ubugunge.

Ku musi wa Mungu aya masengesho yaraye asozerewe, hazobera aho i Gitega nyene ikoraniro ry'umugambwe uri ku butegetsi. Umushikirangani w’imigenderanire n’ayandi makungu Albert Shingiro yamaze kwandikira abaserukira ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu abatumira muri ico gikorwa nk’uko Ijwi ry’Amerika ryabonye ubwo butumire.

Mu kiringo c’imyaka 17 iheze, abepiskopi katolika ntibahora bugurura bene bino bikorane. Mbere incuro zitari nke, abategetsi ku giti cabo na Reta babagirije kwivanga mw’itunganywa ry’igihugu no gukina poritike. Ibi vyahinduste kuva muri 2020 kuva Prezida Ndayishimiye aroye ku butegetsi.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika

Kuki Prezida w'Uburundi ata Jambo Yavugiye mw'Isengero i Gitega?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG