Uko wahagera

Ghana Itewe Amakenga n'Abacangero b'Abarusiya muri Burkina Faso


Prezida wa Ghana Nana Akufo-Addo
Prezida wa Ghana Nana Akufo-Addo

Prezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo, avuga ko reta gisirikare ya Burkina Faso yahaye akazi abacangero b’Abarusiya ko gufasha kurwanya iterabwoba ryazingamitse igihugu. Avuga kandi ko Burkina Faso ikoresha ubutare mu kubahemba.

Imihari y’iterabwoba ya reta ya kiyisilamu yarongereje imitego mu mabarabara muri Burkina Faso, icatumye haba kudeta zibiri muri uyu mwaka. Imwe yabaye mu kwezi kwa mbere iyindi ukw’icenda. Igisirikare kiriko kiragerageza gusubira kugenzura igihugu cose.

Abahinga bemeza ko umutegetsi w’iki gihe muri Burkina Faso, kapitene Ibrahim Traoré, ariko akoresha abacangero b’abarusiya b’ikompanyi Wagner, kurwanya abajihadiste.

Prezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo, yashikirije amakenga yiwe kuri iyo ngingo yafashwe na Burkina Faso, kuri uyu wa gatatu aho ari i Washington mu nama yahuje Afrika na Reta zunze ubumwe za Amerika. Avuga ko kubona uwo mugwi w’abacangero uriko urakorera ku rubibe rwa Ghana rwo mu buraruko, biteye impungene z’umutekano.

Mu misi iheze, abakuru b’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika barahuriye i Accra, baganira kw’iterabwoba hamwe n’umutekano muke urangwa muri ako karere. Bumvikanye ko mu kwezi kumwe gusa bashiraho inteko zo kurwanya iterabwoba mu ntumbero yo gukingira ibihugu biri ku nkengera z’ibahari, nka Ghana. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG