Uko wahagera

Burkina Faso: Igitero c'Abihevyi Cahitanye Abasirikare 10


Zimwe mu mva z'abazize ibitero vy'abajihadiste vyo mu mezi atatu aheze

Abasirikare ba Burkina Faso bagera kuri cumi baraye baguye mu gitero cagabwe kw’ikambi yabo iri mu gisagara citwa Djibo kiri mu buraruko bw’umurwa mukuru, Ouagadougou.

Abagera ku 50 ni bo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye muri ico gitero, igisirikare ca Burkina Faso cemeje ko cagabwe n’intagondwa z’abihevyi.

Ikambi yatewe hari haheze amezi atatu igabweko ikindi gitero n’intagondwa z’abajihadiste.

Ku ruhande rw’abihevyi, igisirikare ca Burkina Faso cemeza ko cishe ababa 20. Cavuze ko vyabaye ngombwa ko cifashisha utudege mu kwivuna umwansi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG