Burkina Faso izotora prezida w’imfatakibanza ku magenekerezo ya 14 na 15 uku kwezi turimwo. Kapitene Ibrahim Traoré aheruka gutembagaza ubutegetsi bwa Burkina Faso yatangaje ivy’ayo matariki avuga ko uwuzotorwa azoyobora vy’imfatakibanza Burkina Faso kugera mu 2024 hatunganijwe amatora nyezina.
Kapitene Ibrahim Traoré ku wa gatatu ni ho yatangajwe nka prezida wa Burkina Faso vy’imfatakibanza. Uwo munsi mw’ijambo yafashe yemeye ko azokora imirimo ibayabaye y’igihugu, mu kurundira ko hagenwa prezida w’imfatakibanza, yaba umusivile canke umusirikare.
Uwuzotorwa azotorerwa mu biganiro bidasanzwe Kapitene Ibrahim Traoré yahamagaje. Ivyo biganiro vyatumiwemwo abanyepolitike, abaharanira agateka ka zina muntu n’abandi bakurikiranira hagufi ubuzima bwa politike ya Burkina Faso.
Kapitene Ibrahim Traoré w’imyaka 34 yahiritse ubutegetsi bwa Burkina Faso kw’igenekerezio rya 30 ukwezi kw’icenda. Yatembagaje ubutegetsi bwa Liyetena Koloneli, Paul-Henri Sandaogo Damiba, yari yafashe ubutegetsi mu kwezi kwa mbere, inyuma yo gukorera kudeta PrezidaRoch Marc Christian Kaboré.
Kapitene Traoré yemereye Burkina Faso ko ata kizosivya amatora yo mu 2024, kandi ubutegetsi buzotegerezwa kuja mu minwe y’abasivile nkuko burkina Faso yabisabwe na CEDEAO.
Facebook Forum