Uko wahagera

Wari Uzi ko Traoré Yahiritse Ubutegetsi bwa Burkina Faso ari we Mutegetsi Muto mu Myaka kw'Isi Yose?


Kapiteni Ibrahim Traoré aheruka kuja ku butegetsi bwa Burkina Faso biciye muri kudeta y
Kapiteni Ibrahim Traoré aheruka kuja ku butegetsi bwa Burkina Faso biciye muri kudeta y

Kapiteni Ibrahim Traoré aheruka kuja ku butegetsi bwa Burkina Faso biciye muri kudeta yabonanye n’abaserukira ibihugu vyabo mu gihugu aramutswa.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru rivuga ko yasavye abaserukira ibihugu vyabo muri Burkina Faso kumushigikira agira ati: “ Turindidiye ubufasha bwanyu kugira dushayure igihugu cacu, twongere dushigikire biboneka abanyagihugu bacu.”

Kapitene Traoré ikindi yasiguriye aba ambasaderi batandukanye bari muri Burkina Faso, ni uko “Umutekano kuva mu kwa mbere kugera uno munsi wabanadanije gutosekara”, gutyo yumvikanisha ko kudeta yakoze yayikoze mu ntumbero yo gukosora “ivyananiye uwo yavanye ku butegetsi.”

Kapiteni Ibrahim Traoré afise imyaka 34 y’amavuko. Ni we mukuru w’igihugu kugera ino saha muto mu myaka kw’isi yose. Yahiritse ubutegesti bwa Burkina Faso mu mpera z’ukwezi kw’icenda. Yakoreye kudeta Paul-Henri Sandaogo Damiba, nawe yari yashikanywe ku burongozi na kudeta yari yakoze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG