Uko wahagera

USA Iragabisha Abafashe Ubutegetsi muri Burkina Faso Kudakorana n'Uburusiya


Umutegetsi mushasha wa Burkina Faso, captain Ibrahim Traore mu nama i Ouagadougou, kw'itariki ya 02/10/2022
Umutegetsi mushasha wa Burkina Faso, captain Ibrahim Traore mu nama i Ouagadougou, kw'itariki ya 02/10/2022

Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa kabiri yagabishije akagwi k’abasirikare gaheruka gufata ubutegetsi muri Burkina Faso, ko hazoba ingaruka mbi mu gihe kohitamwo kwifatanya n’Uburusiya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Vedant Patel, yabwiye abamenyeshamakuru ko ibihugu umurwi w’abacangero b’Abarusiya, Wagner, wagiye urajamwo vyisanze vyatakaje inguvu. Yavuze kandi ko ivyo bihugu vyagaragayemwo umutekano muke ahatari hake muri Afrika.

Vedant Patel yavuze ko ateye ivyatsi ico cose coza kije kwunyura ibintu muri Burkina Faso. Yateye intege reta nshasha mfatakibanza kuzokubahiriza ikirangamisi cemejwe co kugarukana ubutegetsi ku basivile biciye mu matora ya demokarasi.

Burkina Faso yasubiye mu ruhagarara mu mpera z’indwi irangiye, igihe Liyetena Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba, yakurwa ku butegetsi n’umukapitene w’imyaka 34, Ibrahim Traore.

Hakwirakwiye urunwarunwa rw’uko abo basirikare bagiye gutumako umurwi Wagner. Hari igihe umugwizatunga w’umurusiya yashinze umurwi Wagner, Yevgeny Prigozhin, yandika ku mbuga ngurukanabumenyi ko akeje Kapitene Traore. Yavuze ko we hamwe n’abasirikare bafatanije bakoze icari gikwiye, ku neza y’abanyagihugu babo.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG