Uko wahagera

Abahuza ba CEDEAO mu Rugendo muri Burkina Faso


Abahiritse ubutegetsi muri Burkina Faso

Abahuza bo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero bagiye uno musi ku wa mbere mu gihugu ca Burkina Faso inyuma ya kudeta igira kabiri muri ico gihugu muri uyu mwaka.

Urugendo rw’abo bahuza ruje mu gihe hari impungenge ko kudeta iheruka kuba muri Burkina Faso izotebesha kurushiriza amatora muri ico gihugu bikazotuma ubwicanyi n’uruhagarara biterwa n’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu vyiyongera.

Amakuru yerekeye urugendo rw’abo bahuza b’ibihugu vy’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, mu mpfunyapfunyo rubaye inyuma y’uko abaserukira ibihugu vyabo muri Burkina Faso bemeje ko Liyetena Colonel Paul Henri Sandaogo Damiba yari ayoboye Burkina Faso yahungiye muri Togo inyuma y’ibiganiro vyahagarikiwe n’abayobozi b’amadini.

Abasirikare bagize kudeta batangaje ko umutegetsi mushasha, Kapiteni Ibrahim Taraore, afise imyaka 34 muri iki gihe, ari we ayoboye icese Burkina Faso imbere y’amatora ategekanijwe muri kazoza muri ico gihugu.

Mu gihe ishirahamwe, CEDEAO, ryashitse ku masezerano yerekeye kugirisha amatora mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2024, ivy’uko iyo taliki izokwubahirizwa ntibitomoye.

Prezida wa nyuma yari yatowe hisunzwe demokrasi mu Burkina Faso yari yakuwe ku butegetsi na Liyetena Colonel, Paul Henri Sandaogo Damiba, mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. Abasirikare bari bamutembagaje bari bagirije reta yiwe ko yari yananiwe guhagarika ibitero vy’intagondwa z’abayislamu.

Yamara ubwicanyi izo ntagondwa zikora bwahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, butuma abandi imiliyoni 2 bahunga ingo zabo bwarabandanije. Bikaba biri mu vyatumye Damiba nawe nyene akurwa ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG