Uko wahagera

Burkina Faso: Uwari Prezida, Liyetena-Colonel Damiba Yahungiye muri Togo


Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba, yari prezida wa Burkina Faso, kw'itariki ya 2/03/2022, i Ouagadougou.
Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba, yari prezida wa Burkina Faso, kw'itariki ya 2/03/2022, i Ouagadougou.

Umusirikare yakuwe ku butegetsi na kudeta muri Burkina Faso ku musi wa gatanu yemeye gukinjura ata maraso arinze guseswa. Iyi kudeta yari yeteye icuka kibi mu basirikare kandi n’amakungu yarayiyamirije.

Abakuru b’amadini n’abakuru b’imitumba bavuze ko Liyetena-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba ubwiwe yashikirije ko atanze imihoho. Damiba yavuze ko abikoze kugira akinge ntihabe gutana mu mitwe kwari gutuma hapfa abantu kandi hakononekara n’ibintu. Bongeyeko ko aribo bumvikanishije umusirikare yakuwe ku butegetsi hamwe na mushasha yabufashe, Ibrahim Traore.

Amakuru ava mu badiplomate bo muri ako karere avuga ko Damiba, yagiye ku butegetsi kuva mu kwezi kwa mbere, yahungiye i Lome ku murwa mukuru wa Togo kuri uyu w’Imana.

Abo bakuru b’amadini bavuze ko yemeye kuva ku butegetsi mu mahoro abanje gusaba ibintu indwi. Ibi birimwo gukingirwa umutekano wiwe n’uw’abo bari bafatanije uburungozi. Yemerewe kandi ko bashasha bafashe ubutegetsi bubahiriza ivyo yemereye akarere ko ubutegetsi bubwirizwa gusubizwa abasivile mu myaka ibiri.

Abasirikare bashasha bafashe ubutegetsi muri Burkina Faso bavuze ko babikoze kuko Damiba yananiwe guhagarika ibitero vy’abajihadiste mu gihugu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG