Uko wahagera

Igisirikare ca Burkina Faso Gisaba Abasivile Gufasha ku Rugamba


Umushikiranganji wa Burkina Faso wo kwivuna abansi, Colonel Kassoum Coulibaly ashikiriza ijambo ku musi wo guhimbaza imyaka 62 igisirikare ca Burkina Faso Kimaze. kw'itariki ya 11/01/2022.
Umushikiranganji wa Burkina Faso wo kwivuna abansi, Colonel Kassoum Coulibaly ashikiriza ijambo ku musi wo guhimbaza imyaka 62 igisirikare ca Burkina Faso Kimaze. kw'itariki ya 11/01/2022.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Burkina Faso kuri uyu wa kabiri yatangaje ko igihugu kimaze imyaka indwi kirwanya n’abajihadiste intambara yo kuraba ko boramuka. Yaciye asaba abanyagihugu kwitanga muri urwo rugamba.

Umushikiranganji Kassoum Coulibaly yavuze ko muri iyo myaka yose igisirikare gifatanya n’izindi nzego zijejwe umutekano mu gihugu hagati. Avuga ko hageze ko abanyagihugu bamenya ko nabo bakwiye kurwanira igihugu.

Iyi ntambara imaze guhitana ibihumbi vy’abasirikare, abaporisi hamwe n’abasivile. Abanyagihugu bangana imiriyoni zibiri kuri 21 zigize Burkina Faso, barahunze ingo zabo. Igice kirenga ica gatatu c’igihugu ntikigenzurwa na reta.

Ku musi wa gatatu w’indwi iheze, abategetsi ba Burkina Faso baratanguje isekeza ryo kurondera abasivile 50,000 baja gufasha ku rugamba.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG