Uko wahagera

Burkina Faso: Abasirikare 13 Baraguye mu Mutego w'Abajihadiste


Abajandarume bo muri Burkina Faso bari gukizura hafi y'ikambi ya gisirikare i Ouagadougou, kw'itariki ya 29-09-2015.
Abajandarume bo muri Burkina Faso bari gukizura hafi y'ikambi ya gisirikare i Ouagadougou, kw'itariki ya 29-09-2015.

Muri Burkina Faso, abakekwa kuba abajihadiste barateze umutego mw’ibarabara ku musi wa gatandatu, bica abasirikare 13 mu ntara iri mu buseruko bw’igihugu.

Mu makuru ryakuye mu bajejwe umutekano, itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ryavuze ejo kuw’Imana ko abandi basirikare bane bakomeretse. AFP rivuga ko uwo mutego wabereye kw’ibarabara rifatanya ibisagara vya Fada N'Gourma na Natiaboani.

Iki gitero gikurikiye ikindi cabaye ku musi wa gatanu, cakozwe n’intagondwa zishamikiye ku muhari w’iterabwoba al-Qaida, kw’ikambi ya gisirikare mu gisagara ca Djibo, kiri mu buraruko bwa Burkina Faso.

Reta nshasha irongowe na Capitene Ibrahim Traore, yavuze ku musi wa gatatu ko umutekano w’ico gihugu ari co kiri imbere muvyo igiye gukora.

Yabaye prezida w’imfatakibanza kw’itariki ya 21 y’ukwezi kw’icumi, yiyemeza kugarukana uburere buri mu minwe y’abajihadiste.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG