Uko wahagera

Abitwaje Inkoho Baranyuruje Umupatiri Katolika muri Nijeriya


umupatiri ariko ahereza inkuka y'imisa muri Nijeriya
umupatiri ariko ahereza inkuka y'imisa muri Nijeriya

Umupadiri muri Nijeriya yaranyurujwe akuwe mu nzu, muri reta ya Kaduna, mu buraruko bw’igihugu. Isengero rya Katolika y’abaromani ryabishikirije kuri uyu wa kabiri. Abaye umukozi w’Imana wa mbere anyurujwe muri iyo reta kuva mu kwezi kw’indwi.

Imirwi y’abasuma bitwaje ibirwanisho iragishibije mu buraruko bwa Nijeriya, aho biba canke bakanyuruza abantu batumbereye guhabwa amafaranga imbere yo kubarekura.

Patiri Christian Okewu Emmanuel, arongoye diyoseze Katolika y’i Kaduna, yavuze ko Reverend Abraham Kunat, arongoye paruwasi yo mu gisagara ca Idon Gida yanyurujwe asanzwe mu nzu yarimwo mu kindi gisagara. Yari yagihungiyemwo avuye muri paruwasi yiwe ku mvo z’umutekano muke.

Aho nyene muri Nijeriya abagabo bitwaje inkoho baranyuruje abantu n'iburiburi 80 kandi bicamwo 11 mu bitero bitandukanye vyabereye mu buraruko bushira uburengero Nijeriya.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG