Uko wahagera

Nijeriya: Abantu 168 Bafashwe Bunyago


Abasirikare ba leta muri Nijeriya bahagaze hanzi y'ishuli ryatewe n'amabandi atwara abantu bunyago
Abasirikare ba leta muri Nijeriya bahagaze hanzi y'ishuli ryatewe n'amabandi atwara abantu bunyago

Muri Nijeriya, abategesi b’isosiyete ya gali ya moshi batangaje ko mu kwezi guheze, abantu 168 baburiwe irengero, inyuma y’igitero cabaye mu mpera z’ukwezi kwa gatatu.

Ibinyamakuru vy’ahabereye ico gitero mu ndwi iheze vyarerekanye amasanamu ya videwo y’abantu banyurujwe, barimwo ikibondo cibarutswe n’umwe mu bapfasoni bari banyurujwe.

Prezida Muhammadu Buhari yavuze ko reta yiwe, igize imisi inebagurwa ko idakora ibihagije mu twigoro two kubohoza abo banyagihugu banyurujwe, iriko iravyitondera kugira ngo ntihagire abantu bagwa mu gikorwa co kubabohoza. Yavuze ko inkozi z’ikibi zanyuruje abo bantu ziriko zibakoresha nk’inkizo, ari naco gituma igikorwa co kubabohoza hakoreshejwe inguvu za gisirikare kitoroshe.

Kunyuruza abantu, bimaze kuba ibikorwa vya misi mu gihugu ca Nijeriya kuri iyi mirwi yitwaje ibigwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG