Uko wahagera

Nijeriya: Ababikira Bane Bari Baranyurujwe Barekuwe


Ababikira Katolika i Abuja, muri Nigeriya, kw'itariki ya 1/03/2020
Ababikira Katolika i Abuja, muri Nigeriya, kw'itariki ya 1/03/2020

Abategetsi muri Nijeriya bavuga ko abagabo bitwaje ibirwanisho barekuye ababikira bane b’abakatolika bari baranyuruje kandi babarekura batabakubaguye. Ekleziya Katolika muri Nijeriya nayo yavuze ko barekuwe ata mafaranga abanje gutangwa.

Umuvugizi w’umuryango w’abakatolika muri Nijeriya, Micheal Umoh yavuze ko abo babikira bariko barasubira kumenyera ikibano.

Abo bakobwa bane banyururijwe hafi y’igisagara ca Okigwe, muri reta ya Imo, ku musi w’Imana bari mu nzira baja gusenga.

Imirwi yitwaje ibirwanisho mu buraruko no hagati muri Nijeriya ikunze kunyuruza abantu kugira barekurwe habanje gutangwa amafaranga.

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru muri wa reta ya Imo, Oguwike Nwachukwu, avuga ko abategetsi bariko bafata ingingo zose zikenewe zo kurwanya ubwo bugizi bwa nabi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG