Uko wahagera

Nijeriya: Ababikira Bane Banyurujwe 


Ishusho ngereranyo y'ababikira
Ishusho ngereranyo y'ababikira

Muri Nijeriya ababikira bane banyurujwe. Kuri uno musi wa mbere ibiro vy’ikibikira vy’abene Yezu Mukiza vyatangaje ko bane muri bagenzi babo banyurujwe bari kunzira iri mu ntara isanzwe irimwo igitoro cinshi ya Imo m’ubumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu. Abo babikira bari bagiye mu misa.

Mw’itangazo bashize ahabona, abo bene Yezu Mukiza bamenyesha ko abo babikira bagenzi babo banyurujwe ejo ku musi wa mungu mu karere ka Okigwe-Umulolo.
Muri iryo tangazo bavuga bati : “turasavye amasengesho akomeye kugira barekurwe m'umutekano kandi mu maguru masha.”

Ku rubuga rwabo ngurukana bumenyi, abo babikira bavuga ko bagenzi babo baranzwe n’ibikorwa vya Yezu biciye mu butumwa bwo kwitaho abakene, kwihebera Imana (ntibubake) no kwubaha.

Mu buraruko bushira uburengero, igisirikare ca Nijeriya caratanguye ibitero vyo kwomora imirwi yitwaje ibigwanisho izwi kuba inyuruza abanyagihugu ibakura mu bigwati n’ibisagara vyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG