Uko wahagera

Nijeriya: Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abajejwe Umutekano 11


Abantu bitwaje inkoho kuri uyu wa kabiri bishe abajejwe umutekano 11, barimwo abaporisi 7, mu gitero cabereye hagati no mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya. Aka karere kamaze imyaka mw’iterabwoba rikorwa n’imigwi y’abasuma yiba imihana y’abanyagihugu, mu kubasahura ibitungwa, no kunyuruza abantu barondera guhabwa amafaranga imbere yo kubarekura.

Ibi bitero birushiriza kwiyongera n’aho igisirikare cama cagerageje akatari gake kubirukana mu makambi babamwo mu mashamba.

Umuvugizi w’igiporisi muri Nijeriya yavuze ko abasuma batari bake bishwe mu gutana mu mitwe kwahabaye, abandi batari bake barahunga n’ibikomere.

Ubwicanyi bukorwa n’abasuma mu buraruko bushira uburengero no hagati muri Nijeriya ni kimwe mu bihangayikishije abajejwe umutekano bamaze imyaka 12 barwanya abajihadiste muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG