Uko wahagera

Nijeriya: 43 Bari Baranyurujwe n'Abitwaje Ibirwanisho Bararekuwe


Ikarata ya Nijeriya
Ikarata ya Nijeriya

Igiporisi muri Nijeriya kivuga ko abantu 43 bari baranyurujwe bakuwe mu musigiti muri reta ya Zamfara, mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu barekuwe. Umwe muri bo yarishwe inyuma yo kuborezwa ifuga.

Igiporisi kivuga ko kikirondera abagabo bitwaje ibirwanisho bagirizwa ubwo bubisha. Igihe batera uwo musigiti bariyoberanije bigira abayoboke b’idini ku musi wa gatanu wo gusenga.

Umuvugizi w’igiporisi muri iyo reta ya Zamfara, Mohammed Shehu, yemereye Ijwi rya Amerika kuri terefone kuri uyu wa kane ko abo bantu ubu bidegemvya. Yavuze kandi ko abategetsi b’igiporisi barungitse abaporisi gukinga kugira ivyo bitero ntibizosubire. Ariko ntiyavuze nimba habanje gutangwa amafaranga imbere y’uko barekurwa.

Abo bayoboke b’idini rya kiyisilamu banyurujwe kw’itariki ya 2 y’uku kwezi kw’icenda, igihe bari mu masengesho atunganywa buri ndwi.

Abategetsi ba Nijeriya bamaze imyaka bagerageza guhagarika ubwicanyi hamwe no kunyuruza abantu kwimonogoje mu mareta yo mu buraruko bushira uburengero n’ayo hagati. Reta ivuga kandi ko itazosubira gutanga amafaranga kugira abanyagihugu barekurwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG