Uko wahagera

Ibihugu vyo muri G7 Vyiyemeje Kubandanya Bishigikiye Ukraine


Abakuru b'ibihugu vya G7 mu nama yabahuje bakoresheje ubuhinga bwa videwo, kw'itariki ya 11/10/2022
Abakuru b'ibihugu vya G7 mu nama yabahuje bakoresheje ubuhinga bwa videwo, kw'itariki ya 11/10/2022

Abategetsi b’ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw’isi, bihurukiye muri G7, kuri uyu wa kabiri vyemeye ko bizoguma bifasha Ukraine igihe cose bizoba bikenewe. Hari mu nama bakoze bakoresheje ubuhinga bwa videwo bari kumwe na prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy, inyuma y’aho Uburusiya bubandanirije ibitero vya misile mu bisagara vya Ukraine.

Abategetsi b’ibihugu vya G7 bavuze ko bijeje Prezida Zelenskyy ko bazoguma bamuha imfashanyo kugira igihugu ciwe kigumane ubwigenge. Bamwemereye kuzomuha ibikenewe mu bihe vy’imbeho, no kumuronsa uburyo bw’amafaranga, guha imfashanyo abazikeneye, hamwe n’iz’igisirikare, iza kidiporomasiya n’izijanye n’amategeko.

Bemeye ko Prezida Vladimir Putin hamwe n’abo bakorana bazokwishura amabi bariko barakora.

Ibihugu bihurikiye muri G7 ni Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubudagi, Ubwongereza, Ubufaransa, Ubutaliyano, Canada n’Ubuyapani.

Zelenskyy yasavye ibihugu vyo mu burengero bw’isi gufatira ibihano bikomeye Uburusiya mu gisata c’amasoko ntanganguvu ikuramwo amafaranga abufasha mu ntambara.

AP, AFP, Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG