Uko wahagera

Prezida Biden Yemereye Ukraine Ibirwanisho Bihanitse vyo Kuzibira Ibitero Bituruka mu Kirere


Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden kuri uyu wa mbere yemereye Ukraine ibirwanisho vyo ku buhinga buhanitse vyo kuzibira ibitero bituruka mu kirere. Ibiro vya prezida, White House, vyabivuze inyuma y’aho Uburusiya bucucagiye misile ku murwa mukuru Kiev no mu bindi bisagara.

Prezida Biden yavuganye na Prezida Volodymyr Zelensky amwemerera kuzobandanya aha Ukraine ibirwanisho vyo kwirwanira.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yagabishije gukora ibindi bitero bikomeye kuri Ukraine, inyuma y’ivyo kuri uno wa mbere vyishe abantu bashika 11.

Ukraine yavuze ko igisirikare c’Uburusiya cateye misile 80 mu bisagara vyo muri Ukraine kandi hakoreshejwe n’indege zo mu bwoko bwa drone zatewe zivuye mu gihugu kibanyi Biyerorusiya.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG