Uko wahagera

Misile 75 Uburusiya Bwateye i Kiev muri Ukraine Zihaye Inkumbi


Bimwe mui vyononywe na misile Uburusiya bwateye i Kiev
Bimwe mui vyononywe na misile Uburusiya bwateye i Kiev

Uburusiya bwarashe ibibombe vyo mu bwoko bwa misile vyihaye inkumbi uno musi ku wa mbere, ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev no mu bindi bisagara vy'ico gihugu.

Igisirikare ca Ukraine catangaje ko Uburusiya bwarashe ibibombe 75 vyo mu bwoko bwa missile ku butaka bwaco.

Igipolisi co ku murwa mukuru, Kiev kivuga ko vyinshi muri ivyo bibombe vyarashwe muri ico gisagara, bigahitana abantu batari musi ya batanu, bikanakomeretsa abandi 12.

Ibindi bitero vya misile vyabereye mu bindi bice, harimwo igisagara ca Lviv kiri mu burengero bw’igihugu, igisagara ca Dnipro kiri hagati mu gihugu hamwe n’igisagara ca Kharkiv kiri mu buseruko bw’igihugu.

Igisirikare ca Ukraine catangaje ko cazibiye kikongera kigasambura misile 41 zari zarashwe n’Uburusiya.

Prezida wa Ukraine, Volodymr Zelensky, yatangaje ko Uburusiya bwakoze ibitero vya misile n’impaka mu bice bibamwo abasivile hamwe n’ibibanza bitanga umuyagankuba biri muri Ukraine. Yavuze ko ico Uburusiya bushaka gushikako ari gutera ubwoba n’akajagari hamwe no gusenyura uburyo Ukraine ikoresha mu kuronsa abanyagihugu umuyagankuba.

Prezida Zelensky yamenyesheje ko azoshikiriza ivyo bibazo abazoba bari mu nama yihutirwa y’ibihugu bigize umurwi G-7 bikomeye kurusha ibindi mu vy’ubutunzi kw’isi.

Yaraganiye na Chencelier w’Ubudagi, Olaf Scholz, na Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron ku kuntu ibintu vyifashe mu gihugu ciwe. Scholz yatangaje ko iyo nama izoba ejo ku musi wa kabiri.

Prezida w’Uburusiya, Vladidmir Putin avuga ko ivyo bitero vy’ibibombe vyo mu bwoko bwa misile vyahiga ibibanza bitanga umuyagankuba n’uburyo bw’uguhanahana amakuru bukoreshwa n’igisirikare ca Ukraine.

Avuga kandi ko vyakozwe mu ntumbero yo kwihora ku gitero cakozwe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije ku kiraro gihuza Uburusiya n’intara ya Crimeya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG