Uko wahagera

Ibitero muri Ukraine Vyahagaritse Ibikorwa vy'Abatanga Imfashanyo


UNHCR - Petro in Ukraine
UNHCR - Petro in Ukraine

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe y’abagiraneza akorera muri Ukraine yavuze kuri uyu wa mbere ko misile Uburusiya bwateye mu bisagara bitari bike vyahungabanije ibikorwa vyabo ku rubuga.

Uburusiya bwateye ibibanza bitari bike muri Ukraine, harimwo n’umurwa mukuru Kiev. Ni ibitero simusiga bitari bwigere biboneka kuva Uburusiya butangura gutera Ukraine mu kwezi kwa kabiri.

Uburusiya buvuga ko ivyo bitero vyari bitumbereye ibibanza vy’amasoko ntanganguvu, ivyo gutumatumanako amakuru, mu kwihora ibitero Uburusiya bwise ivy’iterabwoba.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mbabare, Croix Rouge, rifise abakozi 700 mu bibanza 10 muri Ukraine kandi risanzwe ritanga imfashanyo n’imiti. Ryavuze kuri uyu wa mbere ko abakozi baryo bahagaritse ibikorwa.

Irindi shirahamwe ry’abagiraneza ryo muri Norvege, Conseil Norvegien pour les refugies, ryavuze ko ryahagaritse ibikorwa vyaryo muri Ukraine kugeza habonetse umutekano.

Nayo umuvugizi wa HCR yavuze ko ibikorwa vyabo bikibandanya, ariko ko abakoze bakorana ubwoba bw’ibindi bitero.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG