Uko wahagera

Prezida Biden Avuga ko Azorwanira Tayiwani Itewe n'Ubushinwa


Prezida Joe Biden
Prezida Joe Biden

Abategetsi muri reta ya Prezida Joe Biden babandanya kuvuga ko poritike ya Amerika kuri Taiwani itarahinduka. Ariko Prezida arushiriza avuga ko Amerika izorwanira izinga rya Taiwani mu gihe ryoterwa n’Ubushinwa.

Mu kiganiro yatanze ku musi w’Imana kuri Televiziyo, CBS, Prezida Biden ku ncuro ya kane kuva agiye ku butegetsi mu 2021, yavuze ko Amerika izokoresha inguvu za gisirikare mu gihe Ubushinwa bwogerageza gufata iryo zinga ku nguvu.

Ubushinwa buvuga ko Izinga rya Taiwani ribwegukira, kandi prezida w’Ubushinwa Xi Jinping yavuze ko kwunga iryo zinga n’igihugu c’Ubushinwa ari yo ntumbero ya reta yiwe. Izinga rya Taiwani riritwara kuva mu 1945.

Amerika imaze imyaka igerageza gukomeza ubucuti n’iryo zinga. Imaze imyaka igurishayo ibirwanisho.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubushinwa bw’imigenderanire, Mao Ning, yavuze ko Ubushinwa buriko burakora ibishoboka kugira habe ukwiyunga na Taiwani biciye mu mahoro. Ariko buvuga kandi ko butazokwihanganira igikorwa cose coza gitumbereye kubatandukanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG