Uko wahagera

USA: Komisiyo ya Sena Yemeje Guha Tayiwani Ibirwanisho


Senateri Bob Menendez, arongoye kimisiyo ya sena ijejwe ivy'imigenderanire n'amakungu muri Capitol Hill i Washington, kw'itariki ya 4/8/2021
Senateri Bob Menendez, arongoye kimisiyo ya sena ijejwe ivy'imigenderanire n'amakungu muri Capitol Hill i Washington, kw'itariki ya 4/8/2021

Komisiyo ya Sena ya Amerika ijejwe ivy’imigenderanire kuri uyu wa gatatu yemeje y’uko Amerika iha Tayiwani ibirwanisho bifise agaciro k’amamiriyaridi y’amadolari.

Amerika imaze imyaka itari mike ishorera ibirwanisho muri Tayiwani. Ariko iki cemezo co kuzoha ico gihugu ibirwanisho bifise agaciro k’imiriyaridi 4.5 z’amadolari, ni intambwe igiye gutuma Ubushinwa bushavura. Iyo komisiyo yaciye itegekanya kandi ibihano ku Bushinwa mu gihe bwokoresha inguvu mu kugerageza gufata iryo zinga.

Abashingamateka bafashe iyo ngingo ku bwoba bafise kuri Tayiwani inyuma y’aho Uburusiya butereye Ukraine. Ni inyuma y’aho kandi umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi agendeye Tayiwani. Uru rugendo rwakurikiwe n’imyimenyerezo ya gisirikare y’Ubushinwa. Ibi Amerika ibibona nko kwimenyereza gutera Tayiwani.

Senateri Bob Menendez, wo mu mugambwe w’abademokrate kandi arongoye iyo komisiyo, yavuze ko Amerika itariko irarondera intambara canke kwiteranya n’Ubushinwa. Ariko avuga ko Amerika ikwiye kuguma irikanuye.

Nawe Senateri Jim Risch, wo mu mugambwe w’abarepuburikani akaba ari muri iyo komisiyo, yavuze ko ari ngombwa ko hafatwa ingingo zo gukomeza igisirikare ca Tayiwani hatararengerana.

Iyi nteguro y’iri tegeko ibwirizwa kuzokwemezwa na Sena hamwe n’inama nshingamateka imbere yo kwitwa ibwirizwa. Perezidanse ya Amerika, White House ntiravuga nimba Prezida Joe Biden azorisinya mu gihe ryorengana muri Sena no mu bashingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG