Uko wahagera

TPLF Yemeza ko Etiyopiya na Eritreya Bunze Urunani mu Rugamba


Abarwanyi bo mu ntara ya Amhara mu kamyo baja kurwana na TPLF in Sanja, mu ntara ya Amhara hafi y'urubibe na Tigreya, muri Etiyopya
Abarwanyi bo mu ntara ya Amhara mu kamyo baja kurwana na TPLF in Sanja, mu ntara ya Amhara hafi y'urubibe na Tigreya, muri Etiyopya

Abarobeli b’abatigreya muri Etiyopiya bavuga ko abasirikare ba reta hamwe n’abo mu gihugu kibanyi Eritrea bakoreye hamwe ibitero, mu gihe intambara zongeye gukomera muri ako karere.

Kuri uyu wa kane, umuvugizi TPLF, Getachew Reda yavuze ko abo basirikare biyunze batanguje ivyo bitero kuri uyu wa kane mu karere ka Adyabo, mu buraruko bushira uburengero bwa Tigre. Yongeyeko avuga ko umuhari wabo TPLF uriko urarindira ibirindiro vyayo.

Ayandi makuru yatanzwe n’abakuru b’igisirikare c’aba Tigre, yavuze ko indege za Etiyopiya ziriko zirakoreshwa mu kwunguruza abasirikare n’amasasu mu buraruko.

Nta makuru yigenga aremeza ivyo birego vya TPLF. Yaba umuvugizi wa reta ya Etiyopiya canke umushikiranganji wo kumenyeshamakuru wa Eritrea nta n’umwe yashimye kugira ico ashikirije.

Imishamirano hagati y’abarwanyi bo mu ntara ya Tigre hamwe n’uruhande rwa reta yongeye kuvyuka mu ndwi iheze mu buraruko bwa Etiyopiya. Ni imirwano ihagaritse amasezerano yo guhagarika intambara yari amaze amezi atanu ariko arubahirizwa.

Uku kwongera gutana mu mitwe kwatumye ishirahamwe mpuzamakungu ONU rihagarika gutanga imfashanyo mu ntara ya Tigre, aho amashirahamwe y’abagiraneza avuga ko ibice bimwe muri iyo ntara bisa n’ibiri mu bihe vy’amapfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG