Uko wahagera

Intara ya Tigreya Irashinja Ingabo za Etiyopiya na Eritreya Kuyigabaho Ibitero


Inzu yasenywe n'igisasu cy'indege mu ntara ya Tigreya
Inzu yasenywe n'igisasu cy'indege mu ntara ya Tigreya

Umuvugizi w'igisirikare ca Tigreya yatangaje ko abasirikare ba Reta ya Etiyopiya n'aba Eritreya bakoze ibitero uno musi ku wa kane ku basirikare bo mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya.

Getachew Reda yatangaje ko igisagara ca Adybayo catewe n’inteko za Reta ya Etiyopiya n’iza Eritreya ziturutse mu bice bine. Yagize ati: “umwansi yakoranirije inteko nyinshi cane muri Eritreya, kandi muri iki gihe yatanguye ibitero ku butaka bwa Tigreya yifatanije n’inteko zo muri Eritreya.”

Mu butumwa yacishije ku rubuga Twitter, Reda, yavuze ko inteko za Reta ya Etiyopiya n’iza Eritreya zatanguye ibitero bikomeye cane mu gitondo ca kare c’uno musi ku wa kane mu karere ka Adybayo.

Reta ya Etiyopiya yoyo yagiriza inteko zo mu ntara ya Tigreya ko ari zo zatumye ingwano isubira kwaduka. Yatangaje ko ibitero vy’inteko zo mu ntara ya Tigreya vyiyongeye, bigatuma abasivile batari bake bahasiga ubuzima, abandi bagata ingo zabo, mu gihe n’inyubakwa zasenyuwe.

Iyi reta yagirije kandi umuhari Tigray People’s Liberation Front, TPLF, mu mpfunyapfunyo, wo mu ntara ya Tigreya ko unyuruza imfashanyo y’ibifungurwa zigenewe Abanyatigreya bashonje.

Yamara ntaco itangazo rya Reta ya Etiyopiya ryavuze ku buryo butomoye ku bitero inteko zayo n’iza Eritreya ziregwa ko zakoze mu buraruko bushira uburengero bwa Tigreya. Impande zose ziragirizanya kuba zarenze ku masezerano yo guhagarika ingwano.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Anthony Blinken, yarasavye mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu Reta ya Etiyopiya n’umuhari TPLF guhagarika ingwano, bidatevye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG