Uko wahagera

Indege y'Intambara Yarashe mu Micungararo y'Ibitaro vyo muri Tigreya


Ikarata y'ahaherereye intara ya Tigreya
Ikarata y'ahaherereye intara ya Tigreya

Amabombe yarashwe n’indege y’ingwano yaguye hafi y’ibitaro vyo ku murwa mukuru w’intara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya, Mekelle. Ico gitero co mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, kibaye musi y’indwi imwe, ingwano isubiye kwaduka. Hari inyuma y’agahengwe kari kamaze amezi ane.

Umuhari Tigray People’s Liberation Front, TPLF, mu mpfunyapfunyo, na reta ya Etiyopiya, biriko bitana mu mitwe kuva mu mwaka w’i 2020. Vyagirizanije ku ngwano yasubiye kwaduka hagati y’izo mpande zibiri iriko igeramira imfashanyo y’ibifungurwa ikenewe cane.

Getachew Reda, umuvugizi w’umuhari TPLF, yatangaje ku rubuga Twitter ko amabombe atari musi y’atatu yarashwe kandi ko ibitaro vyo ku murwa mukuru, Mekelle vyari mu bibanza vyaronderwa.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ntiryashoboye kuvugisha abantu bo ku murwa mukuru wa Tigre, Mekelle, kugira bemeze ivyerekeye ico gitero kubera uburyo bw’uguhanahana amakuru muri iyo ntara bwugawe.

Igitero caheruka kuba cakozwe kw’irerero ry’abana bakiri impinja ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, cahitanye abantu 7, barimwo abapfasoni n’abana.
Umuhari TPLF umenyesha ko wahagaritse igitero ca reta ya Etiyopiya, uca utangura kugira igitero co kuyisubiriza mu nkoko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG