Uko wahagera

Ingano za Mbere Zavuye muri Ukraine Zashitse muri Djibouti


Ubwato bwakoteshejwe na ONU, bwashitse mu gihugu Djibouti kuri uyu wa kabiri, bwuzuye amatoni 23.000 y’ingano zo muri Ukraine. Ivyo bifungurwa bigenewe amamiliyoni y’abanyetiyopiya bageramiwe n’inzara.

Igisata ca ONU cita ku bifungurwa, PAM, kivuga ko ubwo bwato bwashitse ku kivuko ca Djibouti bumaze indwi zibiri bwandurutse ku kivuko co muri Ukraine kiri kw’ibahari yirabura.

Umuyobozi wa PAM mu karere ka Afrika y’ubuseruko, Mike Dunford, yavuze ko izo ngano zizogaburirwa abantu bangana umuriyoni 1.5 bo muri Etiyopiya mu kwezi kumwe.

PAM yavuze mu ntango z’uku kwezi ko Etiyopiya, Kenya na Somaliya, biri mu bihe vy’ubugaragwa bwatumye imiriyoni 22 z’abantu binjira mu bihe vy’inzara muri ako karere ko mw’ihembe rya Afrika.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, yashimye ko ubwo bwato bwashitse, yongera ashima uruhara Djibouti yabigizemwo. Yavuze ko Amerika izobandanya igenzura nimba Uburusiya buzoguma bwubahiriza amasezerano yo kureka ibiterwa vy’intete vyugaraniwe ku bivuko vya Ukraine bigashorwa mu makungu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG