Uko wahagera

Uburusiya Bwemeye ko Bwateye Ikivuko Gicako Intete Zija muri Afurika


Umwotsi ufumba ku kivuko ca Odessa
Umwotsi ufumba ku kivuko ca Odessa

Uburusiya bwemeye ko bwateye ibisasu vya misile mu kivuko ca Odesa muri Ukraine. Uburusiya bwari bwabanje guhakana ko ata ruhara bwagize muri ivyo bitero vya misile vy’ejo ku wa gatandatu. Ni ibitero vyiyamirijwe n'impande nyinshi.

Ku wa gatanu, Uburusiya na Ukraine vyari vyateye umukono ku masezerano yo gutanga agahengwe muri ico gisagara kugira imiriyoni z’amatoni y’intete zishorerwa hanze zishobore gushika mu bihugu bitandukanye birimwo ivya Afurika.

Igituma Uburusiya bwihindukije mw’ijambo, bukemera ko bwateye Odesa kandi bwari bwabihakanye ntikiramenyekana. Prezida wa Ukraine yagirije Uburusiya ubugome budasanzwe, yongera abunebagura avuga ko bwabangamiye amasezerano yo kurungika intete mu makungu. Yagize ati: “ Iki gitero ni igitero c’ubugome. Ndibaza ko ata wosubira kwizera amasezerano canke ibiganiro n’Uburusiya. Murabonye ibibaye.”

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, abicishije mw’itangazo nawe nyene yavuze ko atawosubira kwemera ibivugwa n’Uburusiya. Blinken yavuze ko Uburusiya bwagwije n’ubusa utwigoro twa ONU, Turukiya na Ukraine twari tugamije gutorera inyishu ikibazo c’ikena ry'intete zirimwo ingano zisigaye ari umuzi w'ibuye mu bihugu bitandukanye vyahora vyikora ku ntete za Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG