Uko wahagera

Ukraine Iritegura Kohereza Ibifungurwa mu Makungu


Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ku cyambu cya Odesa avugana n'abambasaderi b'ibihugu 7 bikize kurusha ibindi ku isi
Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ku cyambu cya Odesa avugana n'abambasaderi b'ibihugu 7 bikize kurusha ibindi ku isi

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yagendeye uno musi ku wa gatanu ikivuko kiri kw'ibahari yirabura, Mer Noire, mu rurimi rw'igifransa kiri mu karere ka Odesa. Ni mu gihe abakora kuri ico kivuko bariko bitegurira ivyerekeye gushorera hanze y'igihugu intete zafatiwe n'ingwano imaze amezi atanu muri Ukraine.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yatangaje ko ubwato bwa mbere bwujujwemwo ibifungurwa kuva ingwano itanguye mu gihugu mu mpera z’ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka.

Ivyo bibaye indwi imwe inyuma y’uko amasezerano arekurira ko ibifungurwa birekurirwa kuva mu bivuko vyo muri Ukraine kugira bishobore gushikira abantu imiliyoni n’imiliyoni bageramiwe n’inzara mu bice bitandukanye vyo kw’isi ashitsweko.

Prezida Zelensky yamenyesheje ko igisirikare c’igihugu ciwe ciyemeje ku vyerekeye umutekano w’ubwato buzoba buvuye ku bivuko vyaco.

Urugendo rutatangajwe imbere y’igihe yagize ku kivuko co mu karere ka Odesa biri mu mugambi w’igihugu ca Ukraine w’ukwereka amakungu ko citeguriye gushorera hanze amatoni imiliyoni n’imiliyoni y’intete inyuma y’amasezerano yashitsweko mu ndwi iheze.

Ayo masezerano Uburusiya na Ukraine vyateyeko igikumu igihugu kimwe kimwe ukwaco yari ahagarariwe na Turkiya, ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Impande zompi zumvikanye kworohereza ivyerekeye gushorera hanze ingano n’izindi ntete bivuye mu bivuko vya Ukraine biciye mu mihora yubahirijwemwo umutekano mw’ibahari, Mer Noire.

Umugambi ushaka n’uko mu kiringo c’amezi ane yimirije itoni imiliyoni 20 z’intete ziba zavuye mu bivuko vyo muri Ukraine vyazibiwe kuva Uburusiya butanguye ibitero muri ico gihugu kw’italiki 24 y’ukwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG