Uko wahagera

Etiyopiya: Reta n'Abarobeli Baragirizanya Gusomborotsa Intambara


Abasirikare ba reta muri Etiyopiya hafi ya Agula, mu buraruko bwa Mekelle, mu ntara ya Tigre, mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 8/05/2021
Abasirikare ba reta muri Etiyopiya hafi ya Agula, mu buraruko bwa Mekelle, mu ntara ya Tigre, mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 8/05/2021

Muri Etiyopiya, hongeye kwaduka ugutana mu mitwe mu buraruko bw’igihugu kuri uyu wa mbere. Amakuru atangwa n’ababa muri ako karere, avuga ko uko kurwana kuba hirengagijwe akamo k’amakungu, asaba abasirikare ba reta hamwe n’abarobeli bo mu ntara ya Tigre guhagarika imishamirano.

Izo mpande zishamiranye, ku musi wa gatatu w’indwi irangiye zagirizanije ugusotorana, kwatumye agahengwe k’intambara kari kamaze amezi atanu gacika impfagusa. Ibi bitero kandi busubije inyuma icizere co kurondera inyishu yo guhagarika imirwano biciye mu mahoro.

Ibitero vyo kuri uyu wa mbere vyabereye mu micungararo y’igisagara ca Kobo, kiri mu ntara ya Amhara, mu bumanuko bwo mu ntara ya Tigre. Amakuru ataremezwa avuga ko ako karere kaguye mu minwe y’abarobeli mu mpera z’indwi irangiye. Ibi vyatumye abanyagihugu batari bake bahunga.

Reta ya Etiyopiya yatangaje ku musi wa gatandatu ko inteko za reta zavuye mu gisagara ca Kobo kugira zirinde ntihapfe abantu benshi. Ku rundi ruhande, umuhari TPLF wo uvuga ko wafashe ibisagara bitari bike muri urwo rugamba. Ariko biragoye kwemera ibishikirizwa n’izo mpande zibiri kuko uburaruko bwa Etiyopiya ntibugendwa.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG